abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Aigle Noir Cs mw’itsinda rimwe na Namungo muri Mapinduzi Cup

Umugwi Aigle Noir Cs ukina mu cicaro ca mbere hano iwacu uzoserukira igihugu c’Uburundi mw’ihiganwa Mapinduzi Cup rizobera mw’izinga rya Zanzibar .

Uwo mugwi Aigle Noir Cs ukaba umaze gutumako abakinyi 30 bazotoramwo abazokwitabira iryo higanwa rya Mapinduzi Cup rizotangura igenekerezo rya 01 Nzero 2023.

Aigle Noir Cs ikaba iri mw’itsinda rya D iri kumwe na Namungo hamwe na Chipukizi .

Urukino rwa mbere ikazorukina igenekerezo rya 04 Nzero 2023 n’umugwi Chipukizi , hama ice ikina urukino rugira kabiri na Namungo igenekerezo rya 06 .

Mwomenyako iryo higanwa rizokwitabirwa n’imigwi ikomeye nka Simba Sc , Young Africans , Azam Fc , Singida Big Star n’iyindi migwi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 164