footballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Lumitel Women’s League : Fofila PF niyo ifata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza

 

Umugwi Fofila PF w ‘i Ngozi niwo ufata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza mw’ihiganwa ry’abigeme ryitiriwe izina rya Lumitel Women’s League .

Mu mpera z’indwi yaraye iheze igenekerezo rya 17 na 18 ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s ryabandanije ku ndwi igira 6.

Etoile M yatsinzwe na Fofila PF ibitsindo 3-0, Buja Queens nayo inyagira Rain bow ibitsindo 17-0, Bon Avenir itsindwa na La Colombe ibitsindo 7-0, Les lionnes itsindwa na PVP Buyenzi ibitsindo 9-2, Onze Etoile itsindwa na Intwarikazi ibitsindo 3-0.

– Fofila PF ikaba ariyo ifata ikibanza ca mbere vy’imfatakibanza n’amanota 16 , igakurikirwa na Buja Queens nayo nyene ifise amanota 16 , mugihe PVP Buyenzi ifata ikibanza ca 3 n’amanota 13.

Mwomenya ko iryo ihiganwa rizobandanya mu mpera z’ino ndwi , aho hitezwe urukino rukomeye cane ruzohuza Fofila PF hamwe na Buja Queens .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 159