Athletismekirundi_Sports

# Indundi Sports | Niyonsaba Francine na Kwizera Rodrigue baraye babikoze muri Espagne

 

Umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba hamwe na Kwizera Rodrigue baraye banditse amateka mu gihugu ca Espagne .

Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 18 Kigarama 2022 mu gihugu ca Espagne , aho Francine Niyonsaba na Rodrigue Kwizera biruka muri rya hignwa rya Cross International de Venta de Banos .

Francine Niyonsaba kugira afate ikibanza ca mbere yirutse umwanya ungana n’iminota 30 n’amasegonda 44, akaba yirutse ikirere kingana n’imetero 7.975.

Nayo Kwizera Rodrigue kugira afate ikibanza ca mbere , yirutse ikirere kingana n’imetero 10.575 , akaba yacirutse mu mwanya ungana n’iminota 34 n’amasegonda 6 .

 

Kwizera Rodrigue atahukana ikibanza ca mbere

Mwomenyako Francine Niyonsaba mu ndwi 3 azoba asubiye mw’ihiganwa rya Cross d ‘Elgoibar igenekerezo rya 8 Nzero 2023.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 127