footballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Pacifique Niyongabire yaguzwe n’umugwi wo mu gihugu ca Canada

Umukinyi w’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba Pacifique Niyongabire agiye gukina mu gihigu ca Canada.

Uwo mukinyi akaba yaguzwe n‘umugwi wa Valour Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Canada ( Canadian Premier League) .

Uwo mugwi washinzwe mu mwaka wa 2017 , ukaba uri mu gisagara ca Winnipeg | Manitoba , usanzwe ufise ikibuga cakira abantu ibihumbi 33.

Mukibuka y’uko Pacifique  Niyongabire asanzwe avukana n’umukinyi Elvis Kamsoba.

 

Pacifique niwe yatsindiye igitsindo  umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba mu rukino rwabahuje na Guinée Conakry y’abatarenza imyaka 23, mbere no mu rukino rwabahuje na Côté d’ivoire yavyitwayemwo neza .

Mwomenyako uwo mukinyi yahora akinira umugwi wa Perth Glory wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Australia.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 159