Entertainmentkirundi

James na Daniella bashitse i Bujumbura bagiye gukorana ibitanganza na Redemption voice.

Nkuko twagiye tubabwira mu makuru yacu atandukanye, igiteramo citiriwe “Wangiriye neza”ubutigu burageze.

Babifashijwemwo na Blue Harmony , Redemption voice igiye kubica bigacika, ivyo bakoze mu myaka 15 bagiye kubigaragaza imbere y’isinzi ry’abantu.

Uretse abaririmvyi bahurikiye muri uwo murwi bava mu mihingo itandukanye y’isi hariho n’abashitsi bazokwifatanya nabo.

Igenekerezo rya 21 Kigarama 2022 niho James na Daniella bava mu gihugu c’Urwanda bakiriwe ku kibuga c’indege n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ntakindi kibazanye atari kw’ifatanya na Redemption voice mu giteramo cabo.

Tubibutseko igiteramo ari igenekerezo rya 23 Kigarama uyu mwaka nyene Kuri Jardin public kuva Isaha icenda kwinjira bikaba ari 10.000 fbu n’ibihumbi 50.000 fbu

Akabirya ko kuri uwo musi ngo ari uko Umurwi Redemption voice aribo bazotanguza igiteramo.

Murahawe rero ikaze mwese muhimbaze mutazire hamwe n’abaririmvyi mwikundira.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 231