Uncategorized

Let the Star shine baherekejwe na Abel basangiye Noël ba ntahonikora

Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Kigarama 2022 niho umurwi Let The Star shine urongowe na Sandy Nduwimana umuririmvyikazi aba mu gihugu ca Canada bari bagendeye ikigo kireze abana ba ntahonikora Centre Chiaraluse kiri muri komune Ntahangwa zone Kinama.

 

Baherekejwe n’abakinyi ba Film nka Abel na River, Let the Star shine bashikirije ico kigo ibiro 100 vy’umuceri 50 vy’ibihage Umunyu ibiro 25 isukari ibiro 10, amavuta y’amamesa n’amakoto, omo, Hamwe n’inyobwa (jus) n’ibitumbura baciye basangira n’ivyobibondo.

Ku mezi ashika Kuri 5 bamaze barashizehamwe icivugo cabo ngo n’ugufasha uwo wese yamaze guhaguruka akananirirwa mu nzira,
bisigura ko ari ugufasha umuntu yamaze gushiramwo Ishaka.

Abavyeyi basanzwe bafise abana Kuri icokigo bakaba babashimiye cane bongera baranatera akamo uwo wese yoba afise Ico yofasha baramuhaye ikaze kuko ibibondo bigikeneye vyinshi yaba ari ivyambarwa, ibifungurwa, n’amahera y’ishure.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 26