abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Ng’aya amasezerano ya Murangira Ramires muri Flambeau du Centre

 

Umugwi Flambeau du Centre wamaze kugura uwahoze ari umusatirizi wa Top Junior Murangira Ramires .

Mu ntumbero yo kwitegurira neza inkino zo gusubiriza za Primus League , umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega waraye uguze umukinyi w’umusatirizi yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ry’umwaka uheze Murangira Ramires .

Ramires akaba yashize umukono kumasezerano yo gukinira Flambeau du Centre mu kiringo c’imyaka ibiri n’igice.

Mwomenyako Flambeau du Centre ariyo yatwaye igikombe ca Primus League c’umwaka uheze.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 162