footballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Omar Ntakagero niwe asubiriye Nahimana Welo muri Musongati Fc

Inyuma ya Hussein Welo gutandukanya na Musongati Fc , uwo mugwi wahavuye uzana Omar Ntakagero .

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2022 niho uwahoze ari umumenyereza wa Bujumbura City , Omar Ntakagero yashira umukono ku masezerano yo kumenyereza umugwi Musongati Fc .

 

Ntakagero Omar yari amaze imisi ashomereye inyuma yo gutanga imihoho mu mugwi Bujumbura City agaca asubirizwa na Alain Olivier Niyungeko Mutombola .

 

Umugwi Musongati Fc ukaba ubaye umugwi ugira kabiri wo mu ntara ya Gitega umenyerezwa na Omar Ntakagero inyuma ya Flambeau du Centre .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 156