Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Kigarama 20223 Uwuserukira Uburundi muri Turquie yaraye atanze intererano ingana n’imiriyoni 3.006.000 z’amarundi kw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB ).
Ayo mafaranga azofasha mu bikorwa vyo kwubaka ikibuga c’Intwari kiriko gisubirwamwo gushasha kugira cemererwe kuza kirakira inkino mpuzamakungu.
Mwomenyako Iyo ntererano yatanzwe n’abarundi basanzwe baba mu gihugu ca Turquie .