abakinyi bakina hanzekirundi_Sportsprimus ligue

# Indundi Sports | Inter Star igiye gukina urukino rwa kivandimwe n’umugwi wo muri Congo

 

Mu ntumbero yo kwitegurira inkino zo gusubiriza za Primus League , Umugwi Inter Star ugiye gukina urukino rwa kivandimwe .

 

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 03 Nzero 2023 ku kibuga ca CTN i Bujumbura niho umugwi Inter Star uzokina urukino rwa kivandimwe n’umugwi wa Waze Fc wo muri Repubirika iharanira demokarasia ya Congo .

Igisata kijejwe kumenyekanisha amakuru muri uwo mugwi kiratimiye abakunzi bose b’uwo mugwi ndetse n’abakunzi batandukanye b’inkino kuza kwirabira urwo rukino .

Mwomenya ko umugwi Inter Star uzoca werekana abakinyi bagera kuri 5 imaze kugura kugira baze kwongereza inguvu mu nkino zo gusubiriza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 149