footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Lumitel women’s League : Fofila PF ntirarekura ikibanza ca mbere

 

Umugwi Fofila PF nturarekura ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ry’abigeme Lumitel Women’s league .

Mu mpera z’indwi yaraye iheze isozera umwaka wa 2022, ihiganwa ry’abigeme rifashwe mu mungongo n’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Lumitel ryarabandanije ku ndwi igira 8 .

Imigwi ikaba yatsindanye uku gukurikira :

– Umugwi Onze etoile wanyagiwe na Buja Queens ibitsindo 4 kuri 1

– Onze etoiles yanyagiwe na la Colombe ibitsindo 4 ku 0

– Bon avenir yanyagiwe na Fofila Pf ibitsindo 9 ku 0

– Les lionnes yanyagiye Rain bow ibitsindo 8 ku 0

– Intwarikazi yatsinzwe na PVP Buyenzi ibitsindo 5 kuri 2

Gushika ubu umugwi Fofila Pf niwo ufata ikibanza ca mbere mvy’impfata kibanza ugaca ukurikirwa n’umugwi wa Buja Queens .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 156