footballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Mu rukino rwiwe rwa mbere muri Simba Sc Saido yashikiye gutsinda ibitsindo 3

Umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yaraye yemeje abakunzi b’umugwi Simba Sc wa Tanzania ndetse n’abasanzwe barongoye uwo mugwi .

 

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama 2022, aho umugwi Simba Sc wari wakiriye umugwi Tanzania Prisons mu rukino rw’indwi igira 19 rw’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanznaia (NBC Premier League ) urwo rukino rwarangiye Simba Sc inyagiye Tanzania Prisons ibitsindo 7 kuri 1.

Mu rukino rwiwe rwa mbere mu mugwi wa Simba Sc Tanznaia yaciye atsinda ibitsindo bitatu  atanga n’umupira wavuyemwo igitsindo ca mbere ivyo vyaciye bituma atahukana umupira .

Mwomenyako Saidi Ntibazonkiza yaciye akwiza ibitsindo 7 n’imipira 7 amaze gutanga imaze kuvyara ibitsindo ( Assist) .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 159