abakinyi bakina hanzeAthletismekirundi_Sports

# Indundi Sports | Francine Niyonsaba mu kibanza ca kabiri

Umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba yaraye asozeye umwaka afashe ikibanza ca kabiri .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 31 Kigarama 2022 I madrid mu gihugu ca Espagne niho umunonotsi w’umurundikazi yiruka ibirometero 10 mw’ihiganwa ryitwa Nationale – Nederlanden San Silvestre Vallecana ryamuhuza n’abandi banonotsi b’ibihangange kw’isi .

Niyosaba Francine akaba yarafashe ikibanza ca kabiri , akaba yirutse ikirere ca 10 Km mu mwanya ungana n’iminota 30 n’amasegonda 58’’.

Uko bagiye barushana :

1) Prisca Chesang 30:19
2) Francine Niyonsaba 30:58
3) Beatrice Chepkoech 31:06

What's your reaction?

Related Posts

1 of 149