abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports| Mapinduzi Cup : Aigle Noir Cs yaraye inganije na Chipukizi

 

Umugwi Aigle Noir Cs waraye unganije na Chipukizi Fc muri rya higanwa rya Mapinduzi Cup ririko ribera mw’izinga rya Zanzibar .

 

Hari kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 02 Nzero 2023 , aho umugwi Aigle Noir Cs wa hano iwacu wari uramutse utana mu mitwe na Chipukizi Fc mu rukino rwa mbere rwa Mapinduzi Cup , urwo rukino rwarangiye imigwi yose inganije igitsindo 1-1.

Aigle Noir Cs ukaba ariyo yatanguye kwinjiza igitsindo biciye kuri Penariti , igitsinco cinjijwe na Collin Muhindo ariko munyuma kiza kugomborwa gutyo iminota 90 irangira imigwi yose inganije .

Abakinyi ba Aigle Noir Cs vyaraboneka ko bataramenyerana bikwiye bivanye n’ingene bavanze abakinyi ba Aigle Noir hamwe na Tigre Noir Cs .

Mwomenya ko urukino rugira kabiri Aigle Noir izohura na Namungo Fc ikinamwo Nahimana Jonathan igenekerezo rya 06 Nzero 2023.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 164