BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Araryoshe ya Olegue yabuze gose

Indirimbo abafana ba Baraka Olegue benshi muzi nka Delegue General bari barindiranye igishika cinshi, yabuze gose.

Iyo ndirimbo ikaba yari yavuzwe ko izosohoka umwaka winjiye, nukuvuga isaha ya sasita z’ijoro uwu mwaka wa 2023 winjiye.

Gushika isaha ya sasita igenekerezo rya 2/1 iyo ndirimbo ikaba itari bwashirwe kuri urwo rubuga bari bavuze ko abantu barindirirako.

Urondeye iryo zina kuri YouTube, ukaba ugwa ku ndirimbo zashizwe ku zindi mbuga za YouTube z’abandi bantu, izo ndirimbo zikaba zimazeko indwi zirenga 2.

Gushika dukore ino nkuru, uwo muririmvyi akaba ataco yari bwashikirize ku mbuga ngurikanabumenyi asanzwe akoresha.

Bamwe mu bafana biwe twabashije kwumva, bakaba bafashe izo ndirimbo zashizwe kuri izo mbuga nk’iyi ndirimbo yari yemewe.

Nta wuzi rero ko urubuga rwa YouTube rwa Olegue rwoba rwibwe, canke ko kwabaye uguteba kuyishirako kuko hari akabazo kahabaye.

Hampande y’urubuga rwa YouTube, iyo ndirimbo ntiranabasha kuboneka ku mbuga zigurisha umuziki zigize imisi zihurumbirwa n’abaririmvyi ba hano iwacu.

Iyo ndirimbo ikaba iri mu ndirimbo uwo muririmvyi yamenyesheje ko yanditse akiri mw’ibohero aho yaramaze amezi arenga 6.

Iyo ndirimbo ikaba izoba ibaye indirimbo ya 5 y’uwo muririmvyi ishizwe ahabona, ikaba izoba isanze izindi nzakunzwe cane nka Korayo, Pasta, Doctor canke Boss yaheruka gusohoka.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 291