BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith agashahara kamuteye inguvu zo kubandanya

Mu gihe bivugwa ko Big Fizzo atahawe n’urukoroka muri Party People, igiteramo cahuje abaririmvyi b’abarundi n’abanyarwanda, umuririmvyi Alvin Smith we ngo umushahara watumye agira inguvu zo kubandanya aririmba.

Muri Post uwo muririmvyi aheruka gushira ku mbuga ngurikanabumenyi asanzwe akoresha, ashimira cane umugabo yitwa Bizimana Paulin benshi muzi nka Dj Pauilin.

Imvo zishikirizwa na Alvin Smith, ngo ni uko uwo mugabo yamuhemvye amafaranga atari bwigere akorako. Uwo mushahara Alvin avuga ko kuva atangura kuririmba atawari bwamuhembe amafaranga angana nkayo yahawe.

Uwo muririmvyi akaba atabashije kuvuga ico gitigiri canke nimba ari ama Zero angahe ari inyuma, basi ngo hamenyekane nimba ari ama Miliyoni canke ari ibihumbi amajana.

Uwo muririmvyi muri ubwo butumwa akaba yashize uwo mugabo mu gitigiri c’abantu vy’ukuri bashigikira umuziki wa hano iwacu.

Ugushimagiza Dj Paulin bikaba atari bishasha kuri Alvin Smith, kuko no mu misi iheze yigeze gushikiriza ko uwo mugabo ari mu bategura ibiteramo bahemba neza cane abaririmvyi.

Naho Alvin amutera amashurwe, hakaba hari abandi nka Sat-B bo bavuga ko amafaranga y’uwo mugwizatunga w’umurundi, atayakeneye. Ivyo uwo muririmvyi ku bavyibuka akaba yabishikirije aho yararamutse avuga ivy’uko amafaranga angana n’imiliyoni 10 atabonetse atazosubira kwitaba ibiteramo birimwo aba nyamahanga.

Dj Paulin mu kiganiro yahaye Juste Gael akaba yamenyesheje ko ayo mafaranga Imiliyoni 10 ataronse ata nkeka Sat-b yokwitabira ico giteramo.

Big Fizzo we akaba yavuze ko nkuko tugize imisi tubishikiriza ko azohora arihwa amafaranga angana n’ayo baba bahaye abaririmvyi b’abanyamahanga baba bitabiriye igiteramo hano iwacu.

Urukurukuru ruhari ruvuga ko muri ico giteramo Big Fizzo atari mu gitigiri c’abaririmba muri kirya giteramo, ahubwo akaba yabashije gukorera Surprise umuririmvyi Davis D bari baheruka gusohorana Indirimbo nshasha, imisi mikeya imbere yuko uwo muririmvyi aza hano iwacu.

Ico giteramo carangije umwaka, kikaba ari igiteramo giharurwa mu biteramo vyitabiriwe cane muri uno mwaka wa 2022.

Mukamenya ko ico giteramo Cari catumiwemwo abaririmvyi 2 b’abarundi, Drama t na Alvin Smith n’abaririmvyi 2 b’abanyarwanda Davis D na Juno Kizigenza.

Naho atawabashije kubishikiriza hakaba hari hatumiwe n’aba Dj Batandukanye barimwo Dj Saido, umurundi asanzwe akorera ako kazi ku mugabane w’Uburayi mu bufaransa, akaba Kandi ari na soma mbike wa Big Fizzo.

Ukwinjira muri ico giteramo akaba yari amafaranga 20,000, 50,000 hamwe n’100,000 muri VVIP.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294