abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Joslin Bipfubusa yasubiye mu murwi Bumamuru Fc

 

Umumenyereza Joslin Bipfubusa yari yafashije Bumamuru gutahukana igikombe c’Umukuru w’igihugu c’umwaka 2021-2022 munyuma aca yerekeza muri Tanzania yagarutse muri uwo murwi .

 

Joslin Bipfubusa yahora amenyereza umurwi Polisi Fc wo mu gihigu ca Tanzania niwe agiye kumenyerezwa umurwi Bumamuru Fc wo mu ntara ya Cibitoke .

Vivier Bahati nawe yahora ari umumenyereza mukuru w’uwo murwi nawe yagizwe umwunganizi wiwe .

Umurwi Bumamuru Fc niwo warangije igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus League uri mu kibanza ca mbere n’amanota 32 kuri 45 . ikaba yarashoboye gutsinda inkino 9 inganya 5 itsindwa urukino rumwe gusa .

Mwomenyako Joslin Bipfubusa asanzwe ari imvukira yo mu ntara ya Cibitoke .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 164