kirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Rukinzo Karate igiye gutegura ihiganwa rikomeye

Umurwi wa karate w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo wateguye ihiganwa rya Karate rya Inter Club amical ihuza imirwi 9 yo mu ntara zitandukanye z ‘Uburundi .

 

Iryo higanwa rikaba ryateguwe mu ntumbero yo gutegura inkino z’igiporisi ca karere ka ( EAPCO). zizobera i kigali mu Rwanda mu kwezi kwa Ruhuhuma 2023 .

Iryo higanwa rizotangura kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 07 gushika igenekerezo rya 08 Nzero 2023 kuri Campus Kiriri .

 


Mwomenyako iryo higanwa rizokwitabirwa n’aba Karateka bashika kuri 90 bava mu ntara za Gitega , Muyinga , Muramvya , Bujumbura Mairie na Ngozi

What's your reaction?

Related Posts

1 of 297