abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Uwimana Aniella yafashije Young Princesse gutsinda Alliance Girls

 

Umukinyi w’Umurundikazi Uwimana Aniella abandanya yigenza neza mu gihugu ca Tanzania .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 07 Nzero 2023 aho umugwi w’abagore Yanga Princesse ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania wari uramutse wakira unugwi Alliance Girls . urwo rukino rwarangiye Yanga Princesse yirahiye Alliance Girls ibitsindo 5 kuri 2.

Muri ivyo bitsindo umukinyi w’umurundikazi Uwimana Aniella batazira Nella yinjijemwo ibitsindo 2 wenyene .

Mwomenya ko Uwimana Aniella ari umwe mu bakinyi babarundikazi basanzwe bakina mu mahanga bama bavyitwaramwo neza iyo batumweko mu murwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba w’abigeme .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 124