abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Sandrine Niyonkuru yashitse yinjije igitsindo ciwe ca mbere muri Egypt

 

Inyuma yo kugurwa n’umurwi wo mu cicaro ca mbere muri Egypt witwa TUTANKHAMUM , umukinyi w’umupira w’amaguru umurundikazi Sandrine Niyonkuru yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere ari muri uwo murwi .

Urwo rukino rukaba rwari rwabahuje na Tayaran ruca rurangira imirwi yose inganije igitsindo 1 -1.

 

Sandrine Niyonkuru akaba yerekeje muri uwo murwi avuye mu murwi wa Fontaine Gate wo mu gihugu ca Tanzania .

 

Mwomenyako Sandrine Niyonkuru ari umukinyi yarerewe mu murwi wa Fofila PF yo mu Ntara ya Ngozi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 164