abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

Sandrine Niyonkuru yaraye yinjije ibitsindo bitanu Ku giti ciwe atanga n’imipira ibiri ivyaramwo ibitsindo

Umukinyi w’umurundikazi Niyonkuru Sandrine abandanya yitwara neza muri Egypt .

Hari ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 14 Nzero 2023 , aho umurwi Tutankhamun Fc usanzwe ukinamwo umurundikazi Sandrine Niyonkuru watana mumitwe n’umurwi wa Gouna Fc . Urwo rukino rwarangiye Tutankhamun Fc inyagiye Gouna Fc ibitsindo 8 ku 0 .

Sandrine Niyonkuru yatsinzemwo ibitsindo 5 Ku giti ciwe atanga n’imipira myiza 2 yavuyemwo ibitsindo.

Mwomenyako Sandrine Niyonkuru yaciye akwiza ibitsindo 6 mu nkino zibiri amaze gukina kuvaho ashikiye muri uwo murwi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 162