BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ata kinya, Lolilo avuze kuri Sat-b na Big Fizzo

Inyuma y’igihe abantu batari bake bavuga amajambo atandukanye ku bucuti bushasha buvugwa hagati ya Sat-b na Big Fizzo, na Lolilo nawe yahavuye agira ico avuga.

Mu kiganiro aheruka kugirana na Landry Promoter, uwo muririmvyi yabajijwe nimba nawe ashigikiye ukwo kunywana hagati ya Sat-b na Big Fizzo, nawe avuga ko ico kibazo cari gikwiye Kubazwa abo baririmvyi ubwabo, kuko we atoronka ico yishura.

Ntiyagarukiye ngaho, kuko yavuze ko we ivyo abo baririmvyi barimwo atavyo azi, kuko ngo we bitamuraba, Kandi adashima kuvyinjiramwo.

Imvo uwo muririmvyi ashikiriza ngo ni uko we mu gihe hari utugwitugwi hirya no hino mu baririmvyi, we ngo nta kagwi na Kamwe abarizwamwo, kuko adashigikira umuririmvyi ashigikira ibikorwa aba ariko arakora.

Ivyo Lolilo abibajijwe mu gihe Nelly Nat nawe aheruka gushikiriza ko ukwo kunywana atagushigikiye na gato, ngo kuko bizohava bituma umuziki utaryoha.

Akaba aheruka gusaba ko abafana b’abo baririmvyi buri umwe yoguma ku ruhande rwiwe, kuko ukwo kudashira hamwe ngo bifise ico bifasha.

Abandi badashigikiye ukwo kutaja hamwe kw’abo baririmvyi, bakaba bavuga ko ukwo kuja hamwe kutari gukwiye kuja ku mugaragaro, ahubwo ngo kwari gukwiye kuba mw’ibanga, noneho imbere y’abantu hakaguma ukwo kutumvikana.

Ayo majambo akaba avuzwe inyuma yaho habonekeye amashusho yerekana abo baririmvyi uko ari babiri bagwana munda, mbere umwe ashigikira uwundi mu kugura Album yiwe amafaranga atari make.

Babajijwe bose bakaba bavuze ko ukutabona kumwe ibintu kwahora hagati yabo, ngo kwahavuye ahubwo ubu bagiye gufatana mu nda.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 284