BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kubura urukundo ntibihagarika Yvan Muziki mu kazi

Inyuma y’amakuru ko Yvan Muziki yatandukanye na Marina mu rukundo, uwo muririmvyi ngo afise igikorwa gishasha gishobora gusohoka umwanya n’umwanya.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi abarizwa i Kigali muri ino misi, akaba yamenyesheje abamukurikirana ko umwanya n’umwanya ashobora gushira ahabona igikorwa gishasha.

Iyo ndirimbo hataramenyekana izina co kimwe n’umusi izoshirirwa ahabona, ikaba izoba ije ikurikira Nyash yashize ahabona haraheze amezi 2, iyo ndirimbo akaba yayikoranye na Dj Pius.

Nyash imaze kurabwa incuro 125,000 mu mezi 2, ikaba nayo yakurikiye izindi zirimwo Yuda n’itirete zitigeze zirabwa nkuko Urugo Ruhire RMX yarabwe, kuko yo mu kiringo c’umwaka n’amezi 2 imaze kurabwa incuro 2,600,000 kuri urwo rubuga rwiwe rwa YouTube.

Yvan Muziki akaba mu mwaka 2022 yasohoye indirimbo 3 gusa, murizo 2 zikaba arizo zabashije gushikana views 100,000 kuri urwo rubuga.

Yvan Muziki akaba yitezwe uno mwaka i Bujumbura nivyagenda nkuko yabiyagiye Akeza. Uwo muririmvyi akaba yavuze ko uno mwaka utarangira adatashe i Bujumbura, kuko ahakumbuye cane, ariko Kandi akaba azoba anaje gukora Concert ya Album yiwe nshasha yavuze ko ariko arakorerako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294