Umu diaspora yakoze ibara, akoza agati mu jisho kwa Marina umutambukanyi wa Kigingi none abishize ahabona n’agashavu kenshi.
Marina umutambukanyi wa Kigingi yiyamye aba Diaspora ku ngeso bafise, akibaza nimba nawe azohava agira iyo ngeso niyahava yerekeza muri Canada, ubona ko ariyo yatunze urutoke cane gusumba ahandi.
Marina yanditse ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ko aba Diaspora bafise ukuntu bagendera ku mutwe w’umuntu bagashaka ko akora ivyo bavuze, ngo kuko baba bafise utwo bamurungikiye.
Uwo mu Camerawoman wa Kigingi, yanditse muri Story ya Instagram agira ati : ” Bonjour Bantu beza, tuganire gato. Abantu muba hanze murazi ko natwe turi abantu? Iyo wifashe ukarungikira umuntu utu Echantillons tw’ama Parfum nka 10 ngo uramurungikiye Parfum, uba wumva mu mutima wawe umerewe gute? Ugaca unamubwira n’ukuntu yoza aratwisiga😂, ngo n’ukutwisiga ugiye nko mu manza😂😂😂😂. #2023 turabasavye mutugirire ikigongwe.
Muri ubwo butumwa bwashizwe ku rubuga rwa Instagram, muka Kigingi ntiyumvikanye asaba aba Diaspora kudasubira kubarungikira utwo du Parfum yise utu echantillons, ahubwo yumvikanye asaba ko muri uno mwaka boraba bakagabanya amajambo aherekeza izo ngabire.
Ntiyagarukiye ngaho, kuko Marina yasubiye kandi aratumbereza neza ubutumwa bwiwe, aho yaciye asa n’uwerekana ko iyo ngeso y’uguherekezesha amajambo ingabire bahawe yoba ishikira abo muri Canada.
Marina yibajije muri ubwo butumwa bwa 2 nimba nawe niyafata rutema ikirere aja muri Canada nawe azohava yandura iyo ngeso.
Ubwo butumwa bwashitse ku nyota abatari bake barimwo na Hosy Irakoze umumenyeshakuru wa Siren Vibe aho nawe yasangije abantu kuri Story ya Instagram yiwe ubwo butumwa nyene bwabonetse kuri Story ya Marina.
Ubwo butumwa Hosy yasangije abamukurikirana akaba ataretse nawe kugira ico ashikiriza aho yihanganishije uwo mutambukanyi wa Kigingi, ariko Kandi akaba yibajije igituma iyo nkuru itwengeje Kandi ibabaje cane. Ntiyagarukiye ngaho, yamusavye ko niyagenda muri Canada, ngo yipfuza ko we iyo ngeso atoyifata ahubwo yorungikira abasigaye Parfum Nziza.
Hosy Irakoze Yagize ati : ” Sinzi igituma bitwengeje Kandi bibabaje, mpore Marina.” Yongerako ngo:” Uzotubabarire uturungikire Parfum za Vrai niwagenda Mwiza.”
Ubu butumwa bukaba busangijwe abantu mu gihe abatari bake basanzwe bidogera mu ntamatama, aho abarundi bari mu mahanga babarungikira ibintu bavuga ko atari Original, bakarengako bagaca bababwira uko bategerezwa kubikoresha nkuko, Marina yabishikirije muri iyo Story yasangije abamukurikirana.
Marina ashikirije ivyo mu gihe aheruka kudatomora neza kuri urwo rubuga nyene, aho yasa n’uwumvikanishije ko muri uwu mwaka wa 2023 yawinjiranyemwo umugisha wo kuzoba mama w’umwana. Ivyo bikaba vyashikirijwe mu mpera z’umwaka wa 2022.