BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Meili ngo iyo yavuye ni kure ivyo mubona yarabiruhiye

Meili n’umuririmvyikazi w’umurundikazi yaje mu mwuga wokuririmba ningoga aca aranafatisha ningoga ku ndirimbo ziwe gusa nkeyi ariko ngo tutaramumenya hari ibihe bitoroshe yaciyemwo.

 

Uretse collabo yakoranye na B face aramaze gushika no mugihu c’Ubuganda arakora aranaririmbana n’umu Ganda, mu biganiro agenda arakora hirya no hino araremesha abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko afise indirimbo nyinshi ndetse nizo yakoranye n’abaririmvyi bo hanze y’igihugu

Aheruka gushira ahabona indirimbo yiwe izwi kw’izina rya” ndi motivee”
akirekura iyo ndirimbo yaciye yugurura akabare kiwe kitwa” The key House” vyose ngo biva mukazi kiwe ko kuririmba.

Nubwo biri uko ngo impinga iracari ndende yanditse agira ati:”Kugira shike aho mubona navuye kure pe Kandi nta nuko ndashika kuko ndipfuza kugera kure canee.
Umurundikazi w’imico myiza n’indero ndi Motivee.”
Akajambo kamwe Kuri Meili

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294