BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Ndimbati mu ba nyarwanda bakoranye na Gasore Comedy

Vuba cane ngo ireresi y’uruhererekane rishobora gusohoka, iryo naryo rikaba rizobonekamwo abakinyi b’abarundi nka Gasore le Comedien hamwe n’abakinyi b’abanyarwanda.

 

Nkuko amakuru dukesha urubuga rwa Instagram rwa Gasore abishikiriza, abakinyi b’abanyarwanda nka Ndimbati ngo bari mu babashije gukina muri iyo reresi bariko baramenyesha ko buca risohoka.

Iryo reresi rikaba ryahawe akazina ka Mushiki wacu, ikindi cavuzwe nuko ritazoba ari ireresi rihera, ahubwo azoba ari ireresi ry’uruhererekane.

Iryo reresi ritzzoboneka ku rubuga rwa You Tube rwa Gasore rugize imisi rushirwako ibikorwa vyiwe bitari bike, ahubwo rikazoboneka ku rubuga rwa YouTube rwa Empower TV.

Mu gihe uwo mukinyi w’amareresi w’umunyarwanda Ndimbati atavuzwe ko yoba yashitse i Bujumbura muri aya mezi aheze, bikaba bishoboka ko ibice bibonekamwo uwo mukinyi vyafatiwe mu Rwanda.

Ico gihe kikaba ari igihe uwo mukinyi yari mu rugendo mu gihugu kibanyi c’Urwanda, aho hari mu kwezi kw’11 kw’umwaka uheze.

Muri urwo rugendo, hakaba harabonetse ko bakoranye n’abakinyi ba comedie muri ico gihugu, nka Nyaxo, Kanyombwa, Yaka Mwana, eka mbere akaba yaranabonetse arikumwe na Bamenya, umwe mu bakinyi b’abanyarwanda bivugwa ko ahembwa amafaranga menshi umukeneye, ariko Kandi na YouTube yiwe ikaba iri mu zinjiza amafaranga y’umurengera muri ico gihugu.

Urwo rubuga rwa Empower TV, rukaba arirwo rwabonetseko zimwe muri izo Comedie uwo mukinyi yakinye, izindi bikaba bishoboka ko ziri inyuma.

Uwo mukinyi akaba ataheruka gukina n’abanyarwanda gusa, ahubwo yanaheruka no muri Tanzania aho yabonetse akinana n’abakinyi bo muri ico gihugu, akaba Kandi muvyo aheruka gushikiriza yavuze ko afise umugambi wo kuba umukinyi w’amareresi ari International, bisigura ko agiye gukinana n’abakinyi b’abanyamahanga bakomakomeye.

Urubuga rwa YouTube rwa Gasore rukaba ruri mu mbuga z’abakinyi ba Comedy zikunzwe cane, ubu akaba ageze ku bamukurikirana bagera ku 63,800. Social Blade yerekana amakuru y’imbuga za YouTube ikaba ivuga ko urwo rubuga rwiwe rwanditswe ko rukorera mu bufaransa.

Urwo rubuga rukaba rwamuhaye agahembo Kari hagati y’$36 n’$571, ayo mafaranga mu marundi, akaba Ari hagati y’108,000 n’1,713,000, mu misi 30 iheze nkuko urubuga Social Blade ruvyerekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 289