BurundiEntertainmenthomepagekirundi

Elsie Gretta ngo ari mu nzira agaruka

Kuba umutumire kuri YouTube zitari nke, gukorera muri Magic Chanel Tv, no kwerekeza ku mugabane w’Uburayi, ngo ntibihagije, Elsie Gretta ngo agiye kugaruka.

Elsie Gretta, n’umwigeme yamenyekanye cane hano iwacu kubera ukuvugira abagabo cane gusumba abagore ku bijanye n’ingo, kwubaka n’uburyo babanye.

Ukwo kugaruka kwiwe, Elsie yabwiye abamukurikirana ku rubuga rwa Instagram, ko azoba afise urubuga rwa YouTube rwa Ingoma 257. Urwo rubuga akaba yarigeze kurukorerako imisi itari mike, ariko ntihasubira kuboneka ikiganiro na kimwe kurirwo, none ngo nirwo rugiye kugaruka.

Ivyo akaba yavyishuye mu gihe yari yatanze umwanya ku bafana ngo bamubaze ibibazo.

Elsie Gretta ntiyatomoye neza ubwoko bw’ibiganiro bizoboneka kuri urwo rubuga, kuko ubu abarizwa ku mugabane w’Uburayi.

Elsie Gretta akaba amaze igihe kitari gito ari mu bagira ico bavuga ku biba biriko boraba hano iwacu, akaba aheruka kuvuga kuri za nkumi zatambana na Davis D aho aheruka Hano, akaba Kandi atanahagaritse kuvuga kuvy’ingo n’imiryango, uburyo zokwifata.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 284