BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

EndoMike ngo John Elarts nagende gahoro

Hampande yo kuronka ikibondo muri ino ndwi twaraye turangije, umuhinyanyuzi Endo Mike nawe yagize ico ashikiriza ku buryo umuhinyanyuzi w’umurundi John Elarts agize imisi akora.

Endo Mike abarizwa muri Canada muri ino misi, yanditse ku musi wa mbere ku rubuga rwiwe rwa Instagram mu gice ca Story, ko uwo muhinyanyuzi akoze amasanamu y’indirimbo, ngo Audio nubwo yobiha, amasanamu yiwe ngo aba aryoheye ijisho bikomeye.

Ivyo akaba abishikirije mu gihe abatari bake nabo babona uwo muhinyanyuzi nk’umuhinyanyuzi w’umwaka wa 2022, kuko asa nkaho indirimbo ziwe amaze igihe akora zikunzwe cane, ariko Kandi akaba amaze imyaka hafi nk’2 ari mu bahinyanyuzi bakunzwe cane.

John Elarts Kandi ari mu bahinyanyuzi bakoze indirimbo zitari nke zabashije gukwiza ama Views arenga 1,000,000 ku rubuga rwa YouTube.

John Elarts akaba ari mu bariko barakora amasanamu y’indirimbo ya Davis D na Big Fizzo, ariko Kandi akaba ari nawe yakoze amasanamu 2 y’indirimbo za Alvin Smith, Turajana yakoranye na Bwiza co kimwe na AKADAJE yakoranye na Juno Kizigenza.

John Elarts Kandi ni nawe yakoze amasanamu ya Be Mine ya Wiz Designer na double Jay, eka na Hakuna Matata RMX ya R flow, The Key ya Meili, Soba ya Treyzo na Rap Boy, inzoga n’ibebi ya Double Jay, Kirikou Akili na Bruce Melodie, n’izindi nyinshi akaba ariwe yazikoze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 284