abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Ninde azohagarika Saido Ntibazonkiza muri Tanzania?

 

 

Umukinyi w’umurwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza abandanya yigenza neza mu gihugu ca Tanzania .

 

Hari kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2023 ku kibuga ca Mkapa kiri mu gisagara ca Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzania , aho umurwi Simba Sc wari ukinamwo Saidi Ntibazonkiza wari wakiriye umurwi Mbeya City mu rukino rw’indwi ya 20 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri ico gihugu (NBC Premier League).

 

Urwo rukino rwarangiye umurwi Simba Sc utsinze umurwi Mbeya City ibitsindo 3 kuri 2 .

 

Muri ivyo bitsindo 3 vya Simba Sc harimwo ibitsindo bibiri vya Saido Ntibazonkiza aho igitsindo ca mbere yacinjije ku munota wa 11 w’urukino mugihe ica kabiri yacinjije ku munota wa 49 biciye kuri Panariti.

 

 

Saido Ntibazonkiza akaba yaciye akwiza ibitsindo 5 mu nkino zibiri amaze gukinira umurwi wa Simba Sc , uvanze n’ibitsindo yinjije akiri muri Geita Gold vyose hamwe n’ibitsindo 9.

 

 

Mwomenya ko Saido Ntibazonkiza ari umwe mu bakinyi ba Simba Sc bafise abakunzi benshi mu gihigu ca Tanzania .

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 164