BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Muri Big Fizzo na Double Jay, nyene Kwiti Kwiti ninde?

Mu gihe bivugwa ko umusore Double Jay na Big Fizzo ariwe CEO wa Bantu Bwoy boba batarabana ryiza, uwo muririmvyi yaciye mu maboko yiwe igihe kitari gito yumvikanye aririmba akajambo twaheruka kwumva kera aririmba, ako nako ni Bantu Bwoy.

Ako kajambo rero kumvikanye mu ndirimbo yaheruka kuvugwa n’umuririmvyi w’umunyarwanda Uncle Austin ko izosohoka, iyo ndirimbo ntihari havuzwe iyariyo, ariko hari havuzwe ko izumvikanamwo abaririmvyi Double Jay na Bruce Melodie.

Kuri uno musi wa kabiri mu masaha ashira sasita niho habonetse ku rubuga rwa YouTube rwa Auncle Austin iyo ndirimbo bari bemereye abafana.

Iyo Ndirimbo twasanze ari Kwiti Kwiti RMX, Indirimbo tuzi ko uwo musore w’umunya Gitega yasohoye akiri mu minwe ya Bantu Bwoy.

Tukaba twibajije ibibazo bitari bike Inyuma yo kwumviriza iyo ndirimbo, ariko reka tubabwire 2 gusa. Ikibazo ca mbere twibajije nimba Double Jay yoba yarayiririmvyemwo, canke ari amajwi ya Auncle Austin n’aya Bruce Melodie yongewe muri Kwiti Kwiti dusanzwe tuzi.

Ikibazo ca 2, twibajije nimba Double Jay yoba afise uburenganzira kuri Masters z’indirimbo ziwe yakoreye muri Bantu Bwoy.

Igituma twibajije ivyo bibazo uko ari 2, nuko humvikanyemwo ako kajambo Bantu Bwoy Music Again, kuko uwo musore mu biganiro agize igihe atanga atana rimwe arasa n’uwutera amashurwe iyo nzu, ico akora gusa yirinda kuyivuga nabi.

Nimba yoba yaririmvye bushasha muri Kwiti Kwiti RMX, ugushiramwo ako kajambo Bantu Bwoy Music Again, yoba Ari inzira yo gusubiza hamwe kwa Bantu Bwoy na Biliman Boy? Nimba ataririmvyemwo gushasha hakaba hakoreshejwe amajwi yo muri Kwiti Kwiti Original, Double Jay yoba yarabitangiye uruhusha?

Mbe hoho aramutse avyemeye, yoba yakurikiye ukwimenyekanisha mu Rwanda, canke amafaranga yoba yahawe kugira yemere ko ijwi ryiwe rikoreshwa muri iyo ndirimbo?

Ikindi gishoboka, ubwo Uncle Austin ntiyoba yarayishatse, noneho Double Jay akaba adashobora kuyimuha kuko Masters atari iziwe ari iza Bantu Bwoy, noneho Big Fizzo na Uncle Austin bakivuganira, ariko Mugani agashiraho condition ko Bantu Bwoy Music Again kagumamwo, noneho Ancle Austin agaca aganira na Double Jay kugira vyemere?

Ibibazo biragoye kubitangira inyishu, kuko impande zose bitoroshe ko bishura kuri ico kibazo. Ku bavyibuka, muribuka Indirimbo ya Double Jay na Bruce Melodie itasohotse kuva uwo musore akiri muri Bantu Bwoy, imvo ntizigeze zivugwa, ariko Big Fizzo aheruka gushikiriza ko iyo ndirimbo itasohotse kubera yari iya Bantu Bwoy, Big Fizzo akaba yari yemeye ko umusi bazoshakira boja kuyiraba bakayisaba, ngo nta cobuza bataganira kugira babashe kuyibaha.

Iyi ndirimbo ikaba isohorewe amajwi gusa, nta masanamu y’iyo ndirimbo araboneka, Kandi akaba ataco baravuga ku kijanye n’amasanamu y’iyo ndirimbo.

Ibi bikaba bitandukanye n’uburyo izindi ndirimbo aba bahungu bo muri Biliman Boy bakoreye mu Rwanda zisohoka, kuko zo zisohokana amasanamu.

Iyi Kandi ikaba ari iyindi ndirimbo ije yemeza ko aba abasore 2 bagize imisi bakunzwe cane I Kigali, kuko kuva bava muri urwo rugendo rwamaze hafi ukwezi kwose muri ico gisagara, Indirimbo ziguma zikoragurika nk’urubura. Ivyo ariko bakaba bari babishikirije, aho bavuga ko Indirimbo bakoreye muri Ico gihugu ari umurengera, ngo zizoza zisohoka buke buke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294