footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Umurwi Inter Star waguze abakinyi 5 bashasha harimwo Mouss Sova yakiniye Vital’o fc kera

 

Mu ntumbero yo kwitegurira neza igice ca kabiri c’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ( Primus League) kiza gutangura kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Nzero 2023 , umurwi Inter Star waguze abakinyi bashika kuri 5 kugira bazoze kwongereza inguvu.

Abo bakinyi nabi akaba ari aba bakurikira :

1) Ally Moussa Soca avuye mu gihugu c’Urwanda mu murwi Etincelles , yigeze no gukina muri uwo murwi kera hamwe na Vital’o Fc

2) Irakoze Héritier , uwo nawe ni umukinyi w’inyuma yahora akina mu murwi wa Ac club du Lac Tanganyika .

3) Nlandu Ndombasi Jonathan , uwo nawe akaba avuye muri Repubirika iharanira domokarasia ya Congo ( RDC) , ni umukinyi w’inyuma avuye mu murwi wa Renaissance yo muri Congo.

4) Kasekera Thierry , uyo nawe ni umusatirizi yahora akinira umurwi wa Top Junior mu mwaka uheze

5) Ciza Prince , nawe ni umukinyi akina hagati mu mwaka uheze yahora akinira umurwi wa Flambeau du Centre

Mwomenyako umurwi Inter Star warangije igice ca mbere c’ihiganwa uri mu kibanza ca 12 n’amanota 15

What's your reaction?

Related Posts

1 of 150