Entertainmentkirundi

Mutima le comedien ntibikiri ibikino ubu na Leta yavyemeje

Mutima le comedien mwamumenye kubera gutwenza, muri uko gutwenza kwiwe haraho yavuga ko afise ubugeni mu nyuma bikarangira avuze ko ubugeni bwasivye.

Ivyo biri muri bimwe vyatumye benshi badasubira kwizera ivyavuze kuvyerekeye ivy’ubugeni bwiwe kuko yabikoze akarenga kabiri bikarangira avuze ko butakibaye.

Ubutumire bwarabonetse ku mbuga ngurukana bumenyi benshi biranka ko bovyemera bwerekana ko igenekerezo rya 28 Nzero 2023 azoshinga urwiwe.

Yamara nubwo amakenga yarakihari ijambo ryihumure ryabonetse,
Igenekerezo rya 21 Nzero 2023 niho yaca imbere y’amategeko ivyo bita Etat Civil

Icatangaje benshi ni uko kuri uwomusi nyene ariho Cisha Ado asanzwe ari muri Team ya Mutima nawe yaciye agira Etat civil.

Amatwi adusumira ngo n’ ubugeni buzobera umusi umwe mukibanza kimwe.

Gira icubwiye aba basore babiri vuba bagiye kurushinga

What's your reaction?

Related Posts

1 of 228