Iboneka rya Olegue muri Party People Kandi Atari mu bari kuri Affiche, ngo ntibimuhungabanya, kuko we ngo aja mu bintu Azi ico abishakamwo.
Mu mpera z’uyu mwaka wa 2022, abaririmvyi batandukanye barabashije gukora igiteramo c’uguheza umwaka, ico giteramo kikaba kizwi kw’izina rya Party People.
Abaririmvyi 4 nibo bari bamenyeshejwe ko bazoteramisha abantu uwo musi, muribo harimwo Juno Kizigenza na Davis D bakomoka mu Rwanda, na Alvin Smith na Drama t ba hano iwacu.
Ariko naho biruko hari abandi baririmvyi barimwo nka Monna Walda, Big Fizzo na Olegue bahavuye baboneka muri ico giteramo, noneho bateramisha abari bacitabiriye.
Abo baririmvyi bandi Atari barya 4 bari kuri affiche, haravuzwe ko boba batarishwe kugira baje kuririmba muri ico giteramo. Bamwe bakaba baravyishuyeko abandi bakaba batabibajijwe.
Uwabashije kukibazwako ni Olegue Aho yarikumwe mu kiganiro na Landry Promoter. Murico Olegue yavuze ko agahembo ku butambiro Atari amafaranga gusa, kuko ngo umuririmvyi ashobora kwitabira igiteramo atagamije kurihwa ama Cash, ariko hariho ikindi kintu akeneye.
Olegue muri ico kiganiro ntiyatomoye neza uburyo barihanye n’abategura ico gteramo, ariko icabonetse co nuko we hariho ikindi kintu yaragamije gushikako, mu gihe yari yitabiriye ico giteramo.
Uwo muririmvyi akaba yitabiriye ico giteramo mu gihe hari harindiranywe igishika cinshi Indirimbo yiwe nshasha, ariko ntiyaza gusohoka ku mwanya yari yavuze, ahubwo hacaho ikiringo cariko cababa indwi iyo ndirimbo itarasohoka, Kandi hatazwi neza igituma.