Umunezero ni wose kuri Alvin Smith, kuko uko imisi igenda ariko ibintu vyiza bimubako bibandanya biba vyinshi gusumba.
Inyuma yo gushira ahabona Indirimbo AKADAJE na Juno Kizigenza, noneho igahakwa gukwiza Views 100,000 mu musi umwe gusa, none hidobetsemwo iyindi nkuru nziza.
Akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, uwo muririmvyi yavuze ko ubu aryohewe cane. Igituma ngo nuko umuhora w’indirimbo ziwe zibarizwa kuri Spotify ngo zamaze kuba ico mu kinyamazuru bita Verified. Nukuvuga ko Spotify yemeje ko ari iya Alvin Smith.
Uyu muririmvyi akaba ari mu baririmvyi b’abarundi bariko bakora neza muri kino gihe, Kandi abafana biwe uko bukeye baguma bagenda baduga.
Alvin Smith akaba atanguranye umwaka kuba Verified ku mbuga zigurisha umuziki, akaba ariko urugamba rukiriho, kuko izindi asanzwe akoresha nka YouTube, Boomplay n’izindi zitari verified.
Kucabonetse kuri iyo Post yakoze, nuko uwo muririmvyi asanzwe aronka abantu batari bake bumviriza Indirimbo ziwe buri kwezi kuri urwo rubuga. Ubu akaba ageze ku Barenga 2000 bumviriza izo ndirimbo buri kwezi.
Aha mukamenya ko kuri izo mbuga, uko abakwumviriza baba benshi, bishobora gutuma agafaranga uhabwa buri kwezi canke buri mezi atatu kisununura gusumba.
Ku boba batavyibuka, Alvin Smith na Mow Kanzie nibo baririmvyi 2 bamaze kumenyekana ko bariko bategurirwa igiteramo mu bubirigi, naho hataravugwa umusi n’amafaranga yo kwinjira.