BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

BIG Fizzo, Sat-b na Natacha mu bakoze neza ntibarimwo

Mu baririmvyi bakoze neza muri uyu mwaka wa 2022 duheruka kurangiza, ngo Big Fizzo, Sat-b na Natacha ntibarimwo.

Aho ni mu gihe ibinyamakuru bitandukanye bitarabasha gushira ahabona urutonde rw’abaririmvyi bakoze neza uno mwaka wa 2022, abafana bo ivyo bakaba batavyerekwa kuko babandanya babaza abantu batandukanye bakurikiranira hafi umuziki urwo rutonde.

Uwuheruka kubazwa ni Elsie Gretta yabajijwe abaririmvyi batanu bakoze neza muri uno mwaka wa 2022, haba mu bakobwa co kimwe no ku bahungu.

Mu rutonde yatanze, abaririmvyi nka Big Fizzo, Sat-b, canke Natacha baharurwa nk’abakunzwe hano iwacu, ntibabashije kubona ikibanza muri urwo rutonde.

Uwo mumenyeshamakuru aheruka kwimukira ku mugabane w’Uburayi, yamenyesheje ko abaririmvyi b’abagabo bakoze neza uno mwaka Ari Alvin Smith, D one hamwe na Drama T. Abo baririmvyi akaba avuga ko aribo bakoze cane, mbere banavuzwe cane, nayo Drama T we ngo yakoze Indirimbo yabaye Hit uno mwaka.

Ku ruhande rw’abagore, abaririmvyi bakoze neza uno mwaka hakaba habonetsemwo Meili, Vania Ice, Mow Kanzie na Muhoza umuririmvyikazi mushasha w’umu Diaspora.

Abamenyeshamakuru co kimwe n’abandi barabira hafi ivy’umuziki bakaba batarabasha kugira ico bashikiriza kuri urwo rutonde, ariko abo baririmvyi bo bakaba bataretse kugira ico bashikiriza, aho hafi nka bose bashimye cane kuri ivyo bibanza bashizwemwo.

Uyu akaba aje akurikira Burundi on the Map nabo berekanye abaririmvyi 2 ko aribo bifashe neza muri uno mwaka. Indirimbo Madam ya Drama t ikaba yahawe ikibanza c’indirimbo y’umwaka, nayo Double Jay akaba ariwe muririmvyi yahawe ikibanza c’umuririmvyi w’umwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 284