BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Drama t yoba yinjije menshi kuri Madam

Naho hari inkuru nziza iheruka gushikirizwa ku bakunzi ba ya ndirimbo Madam ya Drama T, ko yagarukanye ijwi, uwo muririmvyi ngo ntariko arinjiza amafaranga kuri YouTube kubw’iyo ndirimbo. Ivyo biheruka gushikirizwa n’uwamufashije kugarukana amajwi y’iyo ndirimbo.

Ikinyamakuru akeza cari cafashe mu minwe itagwa ry’amakuru kuri iyo ndirimbo kikaba giheruka gushikiriza ko uwo muririmvyi yoba amaze kwinjiza ayangana n’imiliyoni 5 z’amarundi kuri iyo ndirimbo. Ariko urubuga rwa Social Blade rwo rukerekana menshi gusumba.

Amakuru twahawe n’umuntu atashimye ko dushikiriza amazina yiwe ku bw’umutekano wiwe, avuga ko uwo muririmvyi yari yasabwe Imiliyoni 30 z’amafaranga y’amarundi ngo bikunde ico kibazo c’indirimbo yiwe itariko iravuga gikemuke.

Iryo soko ryacu ryatubwiye ko uwari yayamusavye ari Bebe Life asanzwe afasha abaririmvyi n’abakoresha imbuga zitandukanye hano iwacu, kugira babashe kuduza yaba Views canke ababakurikirana kuri izo mbuga.

Uwo mugabo akaba ngo yari yemereye Drama T ko iyo ndirimbo Ica igaruka yose, n’ako gace kakuweko. Ariko ivyo bikaba vyari ivyo yamubwiwe imbere yuko Kent P abishiramwo amaboko.

Drama T yari yasabwe ko yotangura kugabura ico yinjiza kuri iyo ndirimbo n’umufaransakazi nyene ako gace kahagaritse iyo ndirimbo, akaba yamenyesheje muri Vlog na Kaboss for real ko bidashoboka na gato ko amuhako, atuma akuramwo ako gace kiwe.

Igituma uwo muririmvyi yavuga uko ngo nuko uwo mufaransakazi yabonye ko iriko irakundwa cane, ngo yogira ico ahinjiriza.

Naho yarahiye ararengwa ko atamuhako, Kent P yahavuye agarukana iyo ndirimbo katarinze karavamwo, ariko ukwinjiza ifaranga biba birahagaze, mu kurindira ko ikibazo kiri hagati ya Drama t n’umufaransakazi gikemuka.

Ubu rero yaba Drama T yaba uwo mufaransakazi, bose bakaba ata numwe ariko aragira ico aharonka. Ikibazo twibaza ni nimba Drama T azohava yemera kugabura agahembo.

Tugarutse ku gahembo nyene yoba yakuye kuri Youtube, amakuru dukesha urubuga rwa Social Blade rwegeranya amakuru y’imbuga nka YouTube, nuko Indirimbo Madam yoba imaze kwinjiza ayari hagati y’5,400,000 n’42,600,000 mu mafaranga ya hano iwacu.

Muri ayo mezi 5 aheze, iyo ndirimbo ikaba itabashije kurabwa izo ncuro zose hano iwacu gusa, ahubwo n’abatari bake bari mu mahanga bakaba barabashije kuyiraba ibice bishobora kuba birenga 50%. Ivyo bice bikaba arivyo bica bituma iyo ndirimbo ishobora kuba yinjije ayo arenga cane ayavuzwe n’ikinyamakuru Akeza.

Naho hataramenyekana inzira bizofata, Drama t wewe akazi karabandanya, kuko yabwiye Kaboss for real muri Vlog baheruka gukorana ko ku musi wa mbere azofata urugendo yerekeza mu kindi gihugu, ariko yirinda kukivuga. Muri ico gihugu Drama t akaba yamenyesheje ko azoba ajanywe n’ugukora ibikorwa vy’umuziki.

Ivyo bikorwa bikaba bizoba birimwo Collabo azokorera muri ico gihugu, n’ifatwa ry’amasanamu y’iyo ndirimbo.

Urwo rugendo Kandi rukaba ruzoba rurimwo n’ukuruhuka, kuko azofata urugendo ruzomara imisi 10.

Muri ico kiyago na Kaboss, uwo muririmvyi ntiyaretse kugaruka ku coba cinjijwe n’uwo muririmvyi nyene muri bino bihe, aho ashima cane kuko iyo ndirimbo yabashije kumuha akaryo ko kuboneka mu biteramo bitandukanye hano iwacu.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2023 Drama T yafashe rutema ikirere yerekeza mu gihugu kubanyi c’Urwanda Aho agiye gukorerayo ibikorwa vy’umuziki

What's your reaction?

Related Posts

1 of 294