abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Hussein Shabani Tchabalala abandaya yigenza neza mu Rwanda

 

Umukinyi w’umusatirizi w’Umurundi Hussein Shabani Tchabalala abandanya yigenza neza mu gihigu c’Urwanda .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 21 Nzero 2023 , ku kibuga c’Inyamirambo isaha icenda 15h00 aho umurwi As Kigali wari wakiriye umurwi Marins mu rukino rw’indwi igira 16 rw’ihiganwa ryo mu Rwanda .

Urwo rukino rwarangiye As Kigali ikinamwo umurundi Hussein shabani Tchabalala itsinze ibitsindo 3-0 umurwi wa Marines .

Hussein Shabani Tchabalala yakinye urukino rwose atsinda n’igitsindo ca 3 k’umunota wa 90+4 w’urukino .

 

Uwo mukinyi w’umurundi akaba ariwe afise ibitsindo vyinshi gusumba abandi afise ibitsindo 11 mu nkino 16.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 156