footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Volleyball : Rukinzo na Muzinga nizo zaraye zitahukanye ibikombe vy’ihiganwa

Umurwi wa Rukinzo kuruhande rw’abagabo niwo waraye utahukanye igikombe c’ihiganwa rya Volleyball , mugihe kuruhande rw’abagore umurwi wa Muzinga ariwo waraye utahukanye igikombe .

 

Hari kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 22 Nzero 2023 isaha zitandatu n’igice 12h30 niho ku kibuga co kuri Parquet aho hari haramutse hasozerwa inkino zibiri zanyuma z’umupira w’amaboko Volleyball ku rwerwo rw’igihugu .

Ku ruhande rw’abagabo Rukinzo yarashoboye gutsinda iseti 3 kuri 2 umurwi wa BUN ( Bujumbura Uwezo wa Ndani)

– kuruhande rw’abagore naho umurwi wa Muzinga watsinze iseti 3 ku 0 umurwi wa Panthers.

Inyuma y’izo nkino uwurongoye ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi Général de Brigade de Police Serges Ntakavura , yabanje kugaruka kuvyo baranguye mu mwaka uheze wa 2022 , aca avuga ko kuva muri uku kwezi kwa Nzero gushika iginekerezo rya 2 z’ukwezi kwa Ruhuhuma 2023 kuzoba ari ukwezi kwo kugura abakinyi no kubagurisha ( Transphers des joueurs). Eka ntiyasivye kuvuga ko mu kwezi kwa gatatu bazoshiraho imirwi nserukira gihugu babanje kuraba ingene abakinyi bavyitwayemwo mu mirwi iwabo .

-Imirwi nserukira gihigu y’abakiri bato ya Volleyball isanzwe niya Volleyball Beach .

– Imirwi nserukira gihugu y’abakuze ya Volleyball isanzwe niya Volley Beach.

Ikindi yavuze ni uko bazoshiraho ihiganwa rya Volley Beach ku rwerwo rw’igihugu kugira barabe ko boronka abakinyi bi’nzobere muri izo nkino .

Mu gusozera yavuze ko bazobandanya bitegurira urubanza rukomeye cane rw’igikombe c’isi c’inkino za Volley Beach , aho Uburundi bwatewe iteka mu kuzokwakira izo nkino kuva igenekerezo rya 15 kushika kuri 21 Myandagararo muri uyu mwaka wa 2023.

Umurwi wa mbere mu bahungu no mubakowa waronse ibahasha ry’ibihumbi amajana atanu ( 500,000fb) hama uwa kabiri mu bahungu no mu bakobwa nawe atahana ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu ( 250,000fb).

Mwomenya ko hatanzwe ubushimwe butandukanye ku bakinyi bavyitwayemwo neza mu bahungu no mu bakobwa kandi umwe umwe yatahanye ibahasha ry’ibihumbi mirongo itanu ( 50,000Fb).

1) Meilleur Serveur mu bagore no mu bagabo
2) Meilleur Receptionneur
3) Meilleur Passeur
4) Meilleur Attaquant
5) contre
6) Meilleur Défenseur
7) MVP

What's your reaction?

Related Posts

1 of 156