BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yoya Jamal bari bamuhitanye

Baramuhakije kubera Inyota bafitiye ibikorwa vyiwe, abo s’abandi n’abafana ba Yoya Jamal.

Mu gihe mu ntango z’uku kwezi, uwo muririmvyi yari yamenyesheje ko agiye Kandi kugaruka ku rubuga rw’umuziki, ariko ntiyashikiriza ryari, ubu uwo muririmvyi yatumbereje, yerekana igihe.

Kuri uyu wa mungu, igenekerezo rya 22/1/ akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi abarizwa ku mugabane w’Uburayi, yasangije abamukurikirana isanamu yicaye, hamwe n’amajambo bijanye.

Amajambo, uwo muririmvyi nkuko y’ama yavuze make, ayo nayo yarajanye n’igihe, aho yavuze ngo mu ndwi iza. Iryo jambo ubwaryo rikaba ataco ryari risiguye, arik urifatanije n’ico yari yashikirije haraheze indwi 2, bica bitanga inzira.

Abafana bakurikirana izo mbuga ziwe bakaba bose batakiriye kumwe ivy’igaruka ry’uwo muririmvyi, kuko batanguye kumwagiriza ibintu bitandukanye.

Ivyo bamwagirije vyose bikaba vyaguma bivugwa mu majambo uwo muririmvyi ubwiwe yaririmvye mu ndirimbo zitandukanye amaze gusohora.

Bamwe bakaba bamubaza igituma yabataye kuva aho agereye i Buraya, abandi bakamubaza nimba yoba akiriho canke atakiriho, abandi nabo bakamwita Kayitesi bakamubaza igituma y’ama yijiriwe, n’igituma adaherutse kubaha bishasha.

Yoya Jamal yanasabwe n’abafana kugaruka mu gihugu kubaririmbira kuko bamukumbuye, nayo abandi bakamusaba ko bohurira mu Rwanda basi.

Yoya Jamal, yanasabwe n’abandi guhagarika kugara, ahubwo akaza arabishura bamwandikiye kuri za Reseau Social.

Abaririmvyi batari bake ngo bari bakwiye kugaba, kuko igaruka rya Yoya Jamal ngo rishobora gutuma abatari bake ngo basubira hasi cane.

Yoya Jamal akaba abishikirije inyuma y’imyaka 3 adashira ahabona igikorwa c’umuziki na kimwe. Ariko mu mwaka uheze akaba yakiriye muri ico gihugu amazemwo imyaka iriko irababa 10 umuhinyanyuzi Made Beat w’umunyarwanda.

Uyu muhinyanyuzi akaba ariwe ariko arakora canke yakoze igikorwa gishasha ca Yoya Jamal kuko aguma aboneka kuri izo Post za Yoya Jamal.

Ukudatomora kwiwe, kukaba kwatumye ateza urujijo abafana batari bake, kuko hari n’abibajije ko Yoya yoba agiye kugaruka I Bujumbura, noneho batangura kumwiyaniriza bamwagiriza gucafuza igihugu c’amavukoro.

Ubu rero hakaba harindiriwe muri ino ndwi imbere yuko ukwezi kwa 1 guhera, ishirwa ahabona ry’igikorwa gishasha ca Yoya naho ata wuramenyesha neza umusi nyezina w’ishirwa ahabona ry’iyo ndirimbo.

Urubuga rwa YouTube rwa Yoya rukaba rubarizwako Indirimbo 9, murizo hakaba harimwo izazananye n’urwo rubuga nka Rukundo, canke Sibomana, ariko hakaba hariko n’iza kera nka Mot de Passe canke Warahindutse.

Urwo rubuga rukaba ari rumwe mu mbuga z’abaririmvyi zikurikirwa n’abantu bake cane, rukaba rugeze ku bagera ku 11,200 barukurikirana.

Muri izo ndirimbo 9 ziri kuri urwo rubuga, 3 zimaze gukwiza views zirenga 100,000, 3 zikaba zimaze kurenza 50,000, 2 zikaba zirenza views 20,000, nayo 1 ikaba ifise 17,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 598