Naho atakirashikirizwa ku mugaragaro, abari bazwi ko ari abakunzi abo nabo ni Sat-b na Belle Nice ngo bwabundi bamaze igihe baratandukanye, ngo ntibakiri mu rukundo.
Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Belle Nice muri Commentaire y’imwe muma photo yiwe kuri Facebook.
Ivyo yavyishuye umufana yaramubajije ku bihuha bihagize imisi ko boba baratandukanye na Sat-b, uwo muririmvyikazi akaba atarinze araca hirya no hino, kuko yaciye amubwira ko amaze igihe kitari gito ari Single Mother.
Ivyo bikaba bishikirijwe inyuma yaho Sat-b ashikirije ko afise umukunzi mwiza cane, ico gihe hakaba hari igihe hasohoka ishusho rya Belle nice rya kera. Ico gihe uwo muririmvyikazi akaba ataco yigeze abivugako.
Bishikirijwe Kandi inyuma y’aho ahantu hatari hake bagize igihe baboneka barikumwe, aho ni nko muri listening party ya Sat-b aho babonetse barikumwe nk’abakunzi.
Mu misi mikeya y’inyuma y’uwo musi mukuru, uwo muririmvyikazi yarabonetse muri Video, aho bose uko ari babiri bifashe utu Video dutandukanye twavugishije abatari bake.
Aba bose uko ari 2 bakaba bafitanye umwana w’umuhungu, umwana adaherutse kuboneka yifotozanya n’abavyeyi biwe, ariko gake aboneka akaba aboneka arikumwe n’umuvyeyi umwe umwe ukwiwe.
Belle nice na Sat-b bakaba bari bamaze igihe kitari gito bavugwa mu rukundo. Bigitangura, Belle Nice akaba yarabihakanye akatari gake babimubajije, ahubwo akaba yavuga ko bari abagenzi gusa.
Nimba tutihenze, uyu mwigeme Belle Nice akaba ariwe yasubiriye umugore wa Sat-b, uwo bakaba bari barambikanye impeta mu musigiti, kuko bose uko ari 2 ari aba Musulman.
Inyuma y’urugendo rw’akazi uyu muririmvyi yakoreye muri Kenya, ico gihe akaba yari yinjiye muri Label yitwa Ikoh Multiservices, Sat-b akaba atasubiye kuboneka hamwe n’uwo mugore bari barambikanye impeta, ahubwo akaba yaciye agendana na Belle Nice.
Uyu mugore wa mbere wa Sat-b bakaba bafitanye abana 2, barimwo uwo bise Burundi. Uwo mugore akaba azwi ku kazina ka Nelly, akaba Kandi yakunze kumwita Nyanzobe mu biteramo bakunda kwitabana na Sat-b.