BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yigiriye i Buraya

Ndikumana Mugani Desire ngo ntabarizwa i Bujumbura muri kano kanya. Big Fizzo ngo yerekeje ku mugabane wa Buraya.

Uwo muririmvyi asanzwe afise n’ubwenegihugu bw’ubufaransa akaba agiye mu gihe yaheruka kwemera ibintu, none agiye atarabishira ahabona.

Uwo muririmvyi tutarabasha kumenya vyukuri igihe azosubira kumara mu mahanga, yari yamenyesheje ko afise Collabo ya we na Sat-b izoshirwa ahabona, ariko akaba atacasubiriye kuvugwa kuri iyo Collabo hagati yiwe na Sat-b.

Ikindi caheruka kuvugwa ni Collabo iri hagati yiwe na Harmonize, iyo nayo nyene ngo yitezwe muri uno mwaka, ariko yo ikaba yitezwe muri EP uwo muririmvyi yavuze ko izoshirwa ahabona uno mwaka.

Aganira na Iteka FM, naho atavuze ryari azoyishirira ahabona, Big Fizzo yavuze ko uno mwaka wa 2022 yari yateguye gushira ahabona iyo EP, ariko Collabo yarafise yakoranye n’abanyamahanga ntizabasha gukunda ko ziboneka, uno mwaka itegerezwa kuboneka, ngo Collabo ziboneka canke zitaboneka.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Akeza, nuko uwo muririmvyi wacu yerekeje mu gihugu c’Ubufaransa, muri urwo rugendo akaba ashobora kuzokorana n’abandi baririmvyi Indirimbo.

Naho bitatomowe, ntawuzi ko izo Collabo zitezwe ari zimwe mu zizoboneka muri ya EP yiwe nshasha, tutarabasha kumenya izina n’igihe zizobonekera.

Big Fizzo akaba agiye Kandi mu gihe hari hatanguye gufatanywa ivyo aheruka gushikiriza kuri Twitter n’ibiheruka kuba ku ndirimbo Madam ya Drama T.

Uwo muririmvyi akaba kuri uwu wa gatandatu yashikirije kuri Twitter ngo yamenye igituma, naho atatomoye neza ico yamenye icarico. Mbere bamwe mu bafana bakaba nabo batatahuye ico ashikirije.

Ayo majambo akaba yayashikirije inyuma yaho havugiwe urutavanako rw’amakuru agaruka kuri Drama T n’indirimbo yiwe Madam.

Uyu mwana yaciye mu minwe ya Big Fizzo akaba Kandi ari nawe yabonetse yumvikana cane n’uyu muririmvyi, yabashije gukora Indirimbo ishikana views 3,400,000 mu mezi 5 gusa, mu gihe we Views zose hamwe afise kuri YouTube ari izirenga 6,500,000 gusa. Ubu rero bikaba bigoye gufatanya amajambo Fizzo yavuze n’ivyo biriko biba kuri iyo ndirimbo.

Big Fizzo akaba yerekeje kuri uwo mugabane Kandi mu gihe ata giteramo ciwe twari twiteze muri ino misi, atari ibiteramo vy’abaririmvyi nka Alvin Smith na Mow Kanzie vyitezwe muri uno mwaka wa 2023 mu bubirigi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 284