abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Moustapha Francis Njali yinjije igitsindo ciwe ca mbere muri Zambia atorwa nk’umukinyi yavyitwayemwo neza

 

Umukinyi w’umurundi Francis Moustapha Njali ari mu bihe vyiza mw’ihiganwa rya Zambia ( MTN Zambia Super League).

 

Urukino rwaraye ruhuje Zanaco Fc ikinamwo umukinyi w’intamba mu rugamba Francis Moustapha Njali hamwe na Nkana Fc ikinamwo Myugariro w’Intamba mu rugamba Dérick Mukombozi rwararangiye Zanaco Fc ariyo itsinze ibitsindo 3 kuri 2.

Muri ivyo bitsindo vya Zanaco , Moustapha Francis Njali niwe yinjije igitsindo ca gatatu catumye Zanaco itsinda .

Inyuma y’urwo rukino Moustapha Francis Njalo yaciye atorwa nk’umukinyi yavyitwayemwo neza kurusha abandi ( Man of The Match) aca ahabwa amadorari 55$ .

Mwomenya ko ihiganwa rya Zambia rikinamwo abakinyi batari bake b’abarundi harimwo Musore Aaron , Jules Ulimwengu , Enock Sabumukama , Dérick Mukombozi hamwe na Moustapha Francis Njali.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 367