Entertainmenthomepage

Ishirahamwe ry’abaririmvyi( AMB) rigomba kubakoranya

Muri Amicale des musiciens mu ntumbero yo gusangira umwaka mushasha 2023! abaririmvyi bahurikiye muri iryoshirahamwe rirongowe na Brigt Ndayishimiye hamwe n’ icegera ciwe Edith Kimana bagiye kwicarana hmwe.

Ico gikorwa rero kizokorwa mu kwisanzura kuko batumiye uwo wese yumva ashaka kw’ifatanya nabo, yaba uwutari muri iryo Shirahamwe canke umunwanyi ko ahawe ikaze nayo ibisabwa n’ukubimenyesha kare yuko uzojayo.

Bikazoba igenekerezo rya 26 Nzero 2023 bavyitiriye “Meet N’ Chill”
hazoba hari kuvugana hagati y’abaririmvyi n’abasanzwe bazi ivy’umuziki bizotangura Isaha icumi n’imwe gushika Isaha isaha zitatu zijoro.

Bikazobera Kuri Kadesh Club mu kabondo uwukeneye kuzokwifatanya nabo ngo abahamagara Kuri 257 79880859 canke 71242482.

Musomyi mwiza Kubwa we wibazako ari igiki boyagako kikazana impinduka mu muziki w’abarundi?

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 260