Igenekerezo rya 4/2 niho umwigeme azwi kuri Instagram nka Ctine yavuka, uno mwaka rero nk’iyindi myaka yose akaba nawe yahimbaje umusi mukuru w’amavuko yiwe.
Uwo mufana wa Big Fizzo akaba yahimbarije isabukuru ryiwe ku mugwa mukuru w’ubufaransa, I Paris, nkuko twabashije kubibona ku mafoto yashize ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.
Mu bifurije isabukuru Nziza uwo mwigeme harimwo na Big Fizzo, aho yamusabiye isabukuru Nziza y’amavuko, ariko Kandi ngo aze agire umwaka mwiza yinjiyemwo. Uwo muririmvyi w’Umudodo ntiyaretse Kandi no kumwipfuriza imigisha myinshi.
Ubwo rero uwo mwigeme akunda bwa bara uwo muririmvyi, ntitwabashije kumenya nimba yagize ibakwe ryo kuririmbirwa na Big Fizzo Happy Birthday, kuko ico gisagara yahimbarijemwo uwo musi mukuru arico Big Fizzo ashobora kuba aheruka kuronkeramwo ya Silver Awards aheruka kuronswa.
Ctine akaba ariwe yari Umu Queen Video mu ndirimbo Umudodo ya Big Fizzo. Uwo mwigeme akaba yavugishije benshi muri iyo misi kubera umwambaro wa Bikini yari yambaye muri iyo Video.
Akazina ka Miss umudodo gakunzwe kuvugwa ba Big Fizzo Kakaba karamufashe, kuko mu babashije kugira ico bashikiriza ku mashusho yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram, iryo jambo ryabonetsemwo.
Uwo mwigeme amakuru dufise nuko asanzwe aba mu gihugu ca Norvege, akaba ari nayo asanzwe yisumamwo.