Umukinyi w’Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yaraye atowe n’abakunzi b’umurwi Simba Sc nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Nzero 2023.
Saidi Ntibazonkiza mu nkino 4 amaze gukinira Simba Sc amaze kuwutsindira ibitsindo 6 atanga n’umupira umaze kuvyaramwo igitsindo .
Ako gashimwe gatangwa n’abakunzi b’uwo murwi kitiriwe izina rya ( Emirate Aliminium Profile ) katanzwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 06 Ruhuhuma 2023 .
Saidi Ntibazonkiza akaba yahawe igikombe ndetse ahabwa n’imiriyoni 2 z’amafaranga ya Tanzania bita ama Shillings .
Mwomenya ko ako gashimwe yagahiganirwa n’abandi bakinyi bakinana nka Shomari Kapombe hamwe na Mohammed Hussein .