abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza yaraye atowe nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Kigarama

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza yaraye atowe n’abakunzi b’umurwi Simba Sc nk’umukinyi yaranze ukwezi kwa Nzero 2023.

Saidi Ntibazonkiza mu nkino 4 amaze gukinira Simba Sc amaze kuwutsindira ibitsindo 6 atanga n’umupira umaze kuvyaramwo igitsindo .

Ako gashimwe gatangwa n’abakunzi b’uwo murwi kitiriwe izina rya ( Emirate Aliminium Profile ) katanzwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 06 Ruhuhuma 2023 .

Saidi Ntibazonkiza akaba yahawe igikombe ndetse ahabwa n’imiriyoni 2 z’amafaranga ya Tanzania bita ama Shillings .

Mwomenya ko ako gashimwe yagahiganirwa n’abandi bakinyi bakinana nka Shomari Kapombe hamwe na Mohammed Hussein .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 377