BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yoba yarakubiswe vy’ukuri?

Big Fizzo ngo araho arakomeye, ico Nico cizere giheruka gutangwa na Yassin, wa mu Promoter amenya ivya Mugani Desire Imbere y’abandi bose.

 

Ubwo butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, akaba yabutanze inyuma yaho umumenyeshamakuru Juddie Caelle amusabiye gutanga umuco ku makuru yaragize imisi ariko aravuga.

Urwo rukurukuru rwari ruhagize imisi rukaba rwavuga ko Big Fizzo aheruka gukubitirwa mu gihugu c’Ububirigi. Ngo yoba yari mu butambiro muri ico gihugu.

Inyuma y’urwo rukurukuru rwanavuzweko na Nelly Nat umunyarusaku agize imisi akunzwe cane, akaba ata makuru mashasha Kuri ukwo gukubitwa kwavuzwe Kuri Big Fizzo yasubiye kuvugwa.

Yassin rero akaba yarahumurije abantu ngo sivyo, kuko ngo iyaba arivyo ama Video yari kuba yakwgijwe hirya ni hino Kuri izo mbuga ngurukanabumenyi. Ikindi ngo kubera ubu Star bwiwe ngo n’iyo nkuru yari kuba igezweho muri ino misi.

Urwo rukurukuru rukaba rwakwirakwijwe inyuma yaho Mugani Desire aherewe ka gashimwe ka Silver Awards gahabwa uwumaze kurenza abantu 100,000 bamukurikirana Kuri urwo rubuga. Ako gashimwe kakaba kamurungikiwe mu bufaransa iyo n’urwo rubuga rwiwe rwa YouTube ruharuwe.

Uyu mugabo abarizwa ku mugabane w’Uburayi muri ino misi akaba yitezweko Indirimbo yahaye akazina ka Why. Iyo ndirimbo nta vyinshi yayivuzeko, ariko bamwe bakaba batanguye kwibaza ko yoba ari ya Rap yaheruka kuvuga ko azosohora.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 344