Inyuma y’imyaka 8 agendanye n’abagabo b’abarundi b’aba Star gusa, umunyarwandakazi Usanase Nadjima yabahaze yisubiriye mu Banyarwanda bene wabo.
Nizigiyimana Makenzi, yahoze ari kizigenza mu mugwi Intamba mu rugamba, akaba na kizigenza mu mugwi wa Raysport i Kigali, yasubirijwe n’uwahoze ari Umugore wiwe.
Uwo yamusubirije ni usanase Nadjima, yigeze kuba ari no mu rukundo n’umuririmvyi Big Fizzo mu myaka ya 2016, banaboneka barikumwe aho Big Fizzo yitabira igiteramo cabereye mu gihugu Ca Uganda cahuza abarundi n’abanyarwanda.
Uwo mugore akaba ari mu rukundo muri ino misi n”uwundi muririmvyi nawe nyene yaheruka kubengwa n’umugore aba ku mugabane w’uburayi bari bagize imisi bashushe cane.
Amakuru dukesha ikimenyeshamakuru Isimbi co mu gihugu kibanyi c’Urwanda, nuko naho batarabishira ahabona, ngo abo uko ari babiri bari mu rukundo nkuko isoko ryabo ryabahaye amakuru rubuga.
Ku batabizi uwo mugore yitwa Nadjima yarushinze na Mackenzie muri 2018, ico gihe bakaba bari bamaze imyaka hafi 2 bagendana, mbere bakaba imbere y’ubukwe bari baramaze kuronka umwana w’umuhungu, nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Rwanda Magazine abishikiriza.
Ugufatana na Mackenzie, Nadjima nkuko nari nabibabwiye yaravanye na Big Fizzo nkuko ico kinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda kibishikiriza.
Uwo mugore rero ubu akaba yafatanye n’umunyarwanda mwene wabo azwi kw’izina rya Cyusa, uyu nawe aririmba Indirimbo bita Gakondo mu Rwanda, Traditional mu kinyamazuru.