BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Abantu ngo nibahumure abaririmvyi bazogenda

Hatanguye kuboneka amakenga Ko ibiteramo vyavuzwe ko vyateguriwe abaririmvyi b’abarundi ku mugabane w’uburayi, ko bitazoba. Amakenga akaba atanguye kuvugwa kubera ko ngo abo baririmvyi batarerekana ama Visa.

Ayo makenga ngo nahere, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umwe mu bategura ibiteramo ku mugabane w’uburayi. Akaba avuga ko hakiri kare ngo uko biri kwose ivyo biteramo ntibizobura kuba.

Tuganira, twamubajije ico kibazo c’ama Visa ko atarerekanywa, nimba bitogira ingaruka mbi. Yatwijeje ko ata kibazo kuko hakiri akanya ngo abariko barabitegura ngo ntibahema.

Uwo musore twaganiriye akaba ari Promoter Franckson ari mu baheruka kwakira Umuririmvyi Bruce Melodie bakazunguruka Uburayi, akaba Kandi nawe ari mu bazoba bakurikirana igiteramo ca Christopher Kuri uwo mugabane.

Promoter Franckpson arikumwe na Shaddy Boo mu bubirigi
Promoter Franckpson arikumwe na Shaddy Boo mu bubirigi

Gushika ubu hakaba hari ibiteramo bimaze kuvugwa, aho nk’izunguruka rya Sat-b ku mugabane w’uburayi, Mow Kanzie na Alvin Smith bazokorera mu bubirigi, Drama T nawe nyene azokorera mu bubirigi, hamwe na Double Jay azokorana igiteramo na Bwiza bagakorera n’abo mu Bufaransa.

Abantu bakaba bagize amakenga kuko bibaza nimba bazohava bajayo, kuko bose mu biteramo bivugwa ko biriko birategurwa, harimwo utuntu tumwe tumwe tuba tukibura nk’amahera yo kwinjira, ibibanza ivyo biteramo bizoberamwo, co kimwe n’igihe ivyo biteramo bizobera.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 344