Big Fizzo ngo yoba yahambije ba Kigingi, Mutima na Gasore muri Comedie? Ico Nico kibazo cibajijwe n’abatari bake mu bagize ico bavuga Kuri Video Big aheruka gushira Kuri Facebook yiwe.
Abo bamukurikirana bakaba bakubita urutoke ngo kuko uwo muririmvyi badatahura igituma ariko asohora ama Video nkayo.
Abafana bamwe bamwe bakaba bavuze ko Big Fizzo umuziki wamunaniye none yerekeje muri TikTok, abandi bakavuga ko uwo muririmvyi nimba yagiye muri Comedie yarakwiye kuraba agakorana na Gasore Le Comedien.
Muri commentaire zabandanije ziboneka Kuri urwo rubuga nyene, Big Fizzo yabwiwe ko nawe nyene naho avuga ko abo bantu bari bakwiye kuba bafise amahera, ngo ayo avuga nawe nyene nta cemezo gihari ko yoba vy’ukuri ayafise.
Muri iyo Video yakomotse Kuri TikTok, urubuga akurikiranywako n’abagera ku 15,900, Big Fizzo akaba yihanije abantu bamwanka batagira amafaranga, kuko abo bantu baboneka nkaho batagira ubwenge.
Iyo Video ikaba atari iya mbere, kuko bimaze kuboneka ko aheze ku mugabane w’uburayi, aheza agakora ama Video menshi cane ashirwa Kuri urwo rubuga rwa TikTok.
Naho Big Fizzo yatewe amabuye, uwo muririmvyi aramaze kwerekana ko ashoboye cane gukina , kuko ku batavyibuka uwo muririmvyi amaze gukina mw’ireresi yahuriyemwo n’abaririmvyo bakomeye nka Awilolongomba na Harmonize, ico gihe bakaba bakiniye muri Tanzania.
Big Fizzo Kandi akaba yaramaze gutahura uburyo izo mbuga zitandukanye abantu bahurirako zikora, kuko uravye uko azikoresha, zose zidashirwako bimwe Kandi zose zisa nkaho zikora mu gihe cazo. Iri Banga rikaba ritarabasha gutahurwa n’abatari bake.