Ihiganwa ry’abigeme Lumitel Women’s League rigiye kubandanya ku ndwi igira 12 yaryo .
Urukino rukomeye cane ni urukino ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 19 Ntwarante 2023 isaha zitatu zo mugitondo 9h00 ku kibuga Gatwaro mu Kayanza urwo narwo ruzohuza Fofila PF hamwe na PVP Buyenzi .
Izindi nkino zikaba zitegekanijwe uku gukurikira :
– Ku musi wa gatandatu 18/02/2023 isaha zitatu zo mu gitondo ( 9h00) ku kibuga ca CTN , umurwi Etoile du Matin uzohura na Les Lionnes
– isaha zitatu zo mugitondo (9h00) ku kibuga Umuco , Bon Avenir izohura na Onze Etoile
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 19/02/2023.
– Isaha zitatu zo mu gitondo (9h00) ku kibuga Gatwaro , Fofila Pf izokwakira PVP Buyenzi
– Isaha zitanu zo mu gitondo (11h00) ku kibuga ca CTN , Rainbow izokwakira la Colombe Fc.
Mwomenya ko gushika muri kano kanya Fofila PF ariyo igifata ikibanza ca mbere , igakurikirwa na Buja Queen hama PVP Buyenzi .